Indirimbo ya 233 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yemwe bungere ba kera
1. | Yemwe bungere ba kera, Mutubarire none Ivyo mwabonye nya joro Hamwe Yesu yavuka. |
Gusubiramo: | |
Duh’ Imana, duh’Imana, Duh’ Iman icubahiro, N’ Iy’ isumba vyose: Duh’ Imana, duh Imana, Duh’ Iman’ icubahiro, Amahor’ abe mw isi. | |
2. | Twar’aho turaririye Ubusho ku musozi, Tubona giturumbuka Marayik’ avug’ ati |
3. | Marayik’ aratubgira, At’ I Betelehemu Haravukiy’ Umukiza, Ni we Yesu Krisito. |
4. | Uwo mwanya haboneka Ingabo zo mw ijuru, Zizanan’ umuco mwinshi, Zishim’Imana, ziti |
5. | Tuve hasi tunyaruka, Tuj’ i Betelehemu, Dusangayo rwa Ruhinja, Turuhimbaza, tuti |
6. | Bungere, mwakoze cane Ivyo mwatubariye, Natwe tuze tumushime, Tumuhimbaze, tuti |
Gusubiramo: | |
Duh’Imana duh’Imana, Duh’ Iman’ icubahiro, N’ iy’ isumba vyose: Duh’ Imana duh’ Imana, Duh’ Iman’ icubahiro, Amahor’ abe mw isi. |