Indirimbo ya 238 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Kera can’ abungere ni bo batanguye


1.Kera can’ abungere ni bo batanguye
Kwumv’ inkuru z’ivyiza ko Yes’ avutse:
Mw’ijoro ku musozi bumv’amajwi menshi
Y’ ingabo zo mw ijuru zishima cane.
Gusubiramo:
Noël, Noël, Noël, Noël,
Havuts’ Umwami w’ Isirayeli.
2.Kandi n’ abanyabgenge naho bari kure
Na bo babony’ i kintu cabatangaje:
Babony’ ikimenyetso c’ inyenyeri nini
Co kuberek’ aho Yesu yavukiye.
3.Bamaze kubimenya k’Umukiza yaje,
Bagomvye kuj’ iy’ ari ngo bamusenge;
Ba banyabgenge bose bamuh’ izahabu,
N’ imibavu n’ isenga bimota neza.
4.Natwe tuje kuri we, n’ Umukiza wacu,
Yemeye gucishwa bugufi kubgacu;
Yatuguz’ igiciro c’ amaraso yiwe,
Ab’ impongan’ itubuza gupfa rubi.
5.Tu mushimire cane kwa kuvuka kwiwe,
Tumushikanir’ imitim’ imenetse,
Umwami Yes’ avuke no kur’ uyu musi
Mu mitima ya benshi, bamunezere.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 238 mu Guhimbaza kirundi