Indirimbo ya 238 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Kera can’ abungere ni bo batanguye
1. | Kera can’ abungere ni bo batanguye Kwumv’ inkuru z’ivyiza ko Yes’ avutse: Mw’ijoro ku musozi bumv’amajwi menshi Y’ ingabo zo mw ijuru zishima cane. |
Gusubiramo: | |
Noël, Noël, Noël, Noël, Havuts’ Umwami w’ Isirayeli. | |
2. | Kandi n’ abanyabgenge naho bari kure Na bo babony’ i kintu cabatangaje: Babony’ ikimenyetso c’ inyenyeri nini Co kuberek’ aho Yesu yavukiye. |
3. | Bamaze kubimenya k’Umukiza yaje, Bagomvye kuj’ iy’ ari ngo bamusenge; Ba banyabgenge bose bamuh’ izahabu, N’ imibavu n’ isenga bimota neza. |
4. | Natwe tuje kuri we, n’ Umukiza wacu, Yemeye gucishwa bugufi kubgacu; Yatuguz’ igiciro c’ amaraso yiwe, Ab’ impongan’ itubuza gupfa rubi. |
5. | Tu mushimire cane kwa kuvuka kwiwe, Tumushikanir’ imitim’ imenetse, Umwami Yes’ avuke no kur’ uyu musi Mu mitima ya benshi, bamunezere. |