Indirimbo ya 241 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mbeg’ uriya yambaye
1. | Mbeg’ uriya yambaye Impuzu zitabutse, Zihomets’ amaraso, Mbarira, n’uwa hehe? Eh’ ingen’ ananiwe N’ igiti yikoreye, Urya baboshe kurya Ni nde, kand’ azir’ iki? |
2. | Uwo Munt’ abay’ artyo Ni we Nyen’ ubugingo, Ni we Mwana w’Imana Aziz’ ivyaha vyawe. Sigaho gucurumba, Musang’ i Gologota, Upfukame wihane Icamubambishije. |
3. | Ibisonga vy’amahwa Ni vyo gitsibo ciwe, Kand’ intebe y’ubgami Yabay’ umusaraba; Mbeg’ Umwam’ agizw’ artyo Yob’ Umukiza wanje? Ego, som’ ikirego: “Yesu w’i Nazareti”. |
4. | Umve Yes’ avug’ ati Mwana wanje nakunze, Icankuye mw ijuru N’ukuguh’ ubugingo; Ni wewe mboney’ aya, Ni wewe mbabarizwa, Emera ndagukize, Nkwuzuze n’Iman’ ubu. |
5. | Mukiza ndakwihaye, Mparir’ ivyaha vyanje, Uz’uhor’ummenyesha Imibabaro yawe: Ah’ utung’ urutoke Ni yo nzira nzocamwo, Nshits’ ah’ izoherera, Yesu Mukunzi wanje. |