Indirimbo ya 26 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mana Rurema, ndagushima
1. | Mana Rurema, ndagushima, Wabonetse muri Yesu: Urukundo rwawe ni rwinshi Wadukunze twebge twese: Mana, watanz’ uwawe Mwana, Ngw adukirish’ amaraso yiwe. 2. Ndaguhimbaza Mwami Yesu, Ko wangiriy’ imbabazi. Kandi wampfiriye ku giti, Unkurakw ivyaha vyanje; Muvunnyi wanje ndagushima, Nguhay’ umutima wanje wose. |
2. | Wasiz’ ubgiza bgawe bgose War’ ufis’ ah’ Iman’ iri: Ub’ Intama y’ Imana yacu, Ikur’ ivyaha vy ‘abantu. Mukiza wanje, ngukundira Imyenda wanyishuriye yose. |
3. | Kand’ iyo niyumviriy’ urwo Rukundo, rurantangaza, Uko nagiriw’ imbabazi N’ugupfa kw’Umwami Yesu Yesu, reka ngukunde cane, Imisi yose ndagushimishe. |