Indirimbo ya 274 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Wa zub’ utumwe kutunezereza


1.Wa zub’ utumwe kutunezereza,
Non’ ehe buratamanzuye rwose;
Mutima wanje, ririmbir’ Imana,
Roresha nonaha ivyiyumviro ku
Mwami mw ijuru
2.Imana yatuginy imbabazi
Zingana n’ myenyeri zitovugwa,
Zingana n’ udutonyanga tw’ ikime;
Kand’ uko bukeye wam’ ump’imbabazi
Zisesekaye.
3.Imana yaray’ inzigamye neza,
N’ aba bose bacu n’ urugo rwacu,
Kandi nta rupfu rwadushikiriye;
Rwaraturenganye: ndamutse
nkiriho: Mar. a n’ ushimwe.
4.Icaha ntikimpumish’ umutima;
Mbony’ ivy’ Iman’ igomba ndabikore.
Mana mw ijur’ ungirir’ imbabazi:
Kand’ umpezagirr mu vyo nkora vyose:
Ni wew unganza



Uri kuririmba: Indirimbo ya 274 mu Guhimbaza kirundi