Indirimbo ya 277 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mwam’ ubugingo bgacu ni nk’umusi
1. | Mwam’ ubugingo bgacu ni nk’umusi, Ni bugufi rwose, ntiburamba, Ibinezera vyabgo birashira: Mwam’ udahinduka, tugumane. |
2. | Gumana nanje, kuk’ umus’ ukuze, Raba burije ntunsige nd’ umwe. Nta wundi nizigiye yontabara, Tugumane Mwami, tugumane. |
3. | Na ntaryo Mukiza ni wewe ngomba, Tutabanye Satani yonnesha, Ububasha bgawe ni bgo bunkiza, Tugumane Mwami, tugumane. |
4. | Umpoze hafi nta mwansi notinya, Kand’ amarushwantiyombabaza, Warakuyeh’ uruboyi rw’ urupfu, Tugumane Mwami, tugumane. |
5. | Mwami, no ku musi nzocikanako, Nzobon’ ubgiza bgawe mw ijuru, Ni ho nzoba mvuye mu mwiza w’isi, No mu rupfu Mwami, tugumane. |