Indirimbo ya 280 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Imis’ irahita vuba


1.Imis’ irahita vuba,
Irahita yiruka,
Ikigenda benshi bapfa
Batameny’ Umukiza.
Har’igikorwa cacu
Tugikoran’ umwete,
Tubandanye dukore,
Imis’ itarahera.
Gusubiramo:
Irahera, irahera,
Imisi irahera.
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
2.Wobib’ imbuto z’ ivyiza
Mu mitima y’abantu,
Amosozi y’abarira
Woyabah anagura,
Hariho n’abaguye,
Kubavyura ni kwiza,
No guhumur’ amaso,
No kuvur’ ibisebe.
3.Ivyo vyoshobokera nde?
Wewe wobishobora,
Namb’ ufise.
Mpwemu Yera,
N’urukundo rw’Imana:
Ikunda kubiduha
Tubigomvye vy’ukuri:
Tuyisengan’ umwete,
Dukor’ ivy’ imbabazi.
4.Ic’ Umwami Yes’ agomba
N’ ukugendana natwe,
Ngw aruhur’ abananiwe
Bamutey’ ibitugu.
Kandi yaravuz’ ati
Uzonyizera wese
Azobgir’ imisozi
Ngw itabge mu kiyaga.
5.Nta c’ utiny’ ibir’ imbere,
Yes’ azogushoboza.
Umuh’ umutima wawe,
Awiganzire rwose!
Isi yubahe Yesu!
Yadutsindiy’ urupfu
Bo n’ abadayimoni:
Ubu ni we dufise.
6.Rek’ ukwo kwizera guke:
Na ruhebga yokizwa!
Ibuka yuko Paulo
Yar’ umwansi w’ ivyiza;
Yesu yamuhwikiye
Atabizi na gato,
Ac’ akizw’ uwo mwanya,
Ab’ intumwa ya Yesu.
7.Ngo n’ ubu, mugende mwese,
Mûri kumwe na Yesu;
Mumubgir’ abatamuzi,
Na bo baz’. abakize.
Nta co mugaburura,
Canke ngo munanirwe,
Mutarabashikana
Ku Mukiz’ abi fuza.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 280 mu Guhimbaza kirundi