Indirimbo ya 280 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Imis’ irahita vuba
1. | Imis’ irahita vuba, Irahita yiruka, Ikigenda benshi bapfa Batameny’ Umukiza. Har’igikorwa cacu Tugikoran’ umwete, Tubandanye dukore, Imis’ itarahera. |
Gusubiramo: | |
Irahera, irahera, Imisi irahera. Ni tuve hasi twese, Tureke gukererwa. | |
2. | Wobib’ imbuto z’ ivyiza Mu mitima y’abantu, Amosozi y’abarira Woyabah anagura, Hariho n’abaguye, Kubavyura ni kwiza, No guhumur’ amaso, No kuvur’ ibisebe. |
3. | Ivyo vyoshobokera nde? Wewe wobishobora, Namb’ ufise. Mpwemu Yera, N’urukundo rw’Imana: Ikunda kubiduha Tubigomvye vy’ukuri: Tuyisengan’ umwete, Dukor’ ivy’ imbabazi. |
4. | Ic’ Umwami Yes’ agomba N’ ukugendana natwe, Ngw aruhur’ abananiwe Bamutey’ ibitugu. Kandi yaravuz’ ati Uzonyizera wese Azobgir’ imisozi Ngw itabge mu kiyaga. |
5. | Nta c’ utiny’ ibir’ imbere, Yes’ azogushoboza. Umuh’ umutima wawe, Awiganzire rwose! Isi yubahe Yesu! Yadutsindiy’ urupfu Bo n’ abadayimoni: Ubu ni we dufise. |
6. | Rek’ ukwo kwizera guke: Na ruhebga yokizwa! Ibuka yuko Paulo Yar’ umwansi w’ ivyiza; Yesu yamuhwikiye Atabizi na gato, Ac’ akizw’ uwo mwanya, Ab’ intumwa ya Yesu. |
7. | Ngo n’ ubu, mugende mwese, Mûri kumwe na Yesu; Mumubgir’ abatamuzi, Na bo baz’. abakize. Nta co mugaburura, Canke ngo munanirwe, Mutarabashikana Ku Mukiz’ abi fuza. |