Indirimbo ya 289 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Igitabo c’ Imana
1. | Igitabo c’ Imana Ndagikunda, n” icanje: Ni co kimbgir’ ukuri Yuko nd’ umunyavyaha. |
2. | Kinyigish’ urukundo Rw’ Umucunguzi wanje; Kand’ iyo ntay’ inzira Y’ Imana, kirampana. |
3. | Iyo ntewe n’ ivyago Kitnmar’ umubabaro; Kinyigisha yuko ndi Umwambukira mwisi. |
4. | Igitabo c’ Imana Kimbgira ko kwizera Yesu kwompa kunesha Urupfu na Satani. |
5. | Kandi k’ uwanka Yesu, Agapfira mu vyaha, Kw ari w’ azopfa rubi Ntabane n’ Uhoraho. |
6. | Kimbgira yukw abera Bazojanwa mw ijuiu, Bagahabga na Yesu Ivyiza bidashira. |
7. | Igitabo c’ Imana Kinyigish’ ivyo vyiza, Kirut’ ibindi vyose, Nta kindi kinyobora. |