Indirimbo ya 289 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Igitabo c’ Imana


1.Igitabo c’ Imana
Ndagikunda, n” icanje:
Ni co kimbgir’ ukuri
Yuko nd’ umunyavyaha.
2.Kinyigish’ urukundo
Rw’ Umucunguzi wanje;
Kand’ iyo ntay’ inzira
Y’ Imana, kirampana.
3.Iyo ntewe n’ ivyago
Kitnmar’ umubabaro;
Kinyigisha yuko ndi
Umwambukira mwisi.
4.Igitabo c’ Imana
Kimbgira ko kwizera
Yesu kwompa kunesha
Urupfu na Satani.
5.Kandi k’ uwanka Yesu,
Agapfira mu vyaha,
Kw ari w’ azopfa rubi
Ntabane n’ Uhoraho.
6.Kimbgira yukw abera
Bazojanwa mw ijuiu,
Bagahabga na Yesu
Ivyiza bidashira.
7.Igitabo c’ Imana
Kinyigish’ ivyo vyiza,
Kirut’ ibindi vyose,
Nta kindi kinyobora.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 289 mu Guhimbaza kirundi