Indirimbo ya 293 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mwam’ ungaburir’ Ijambo ryawe


1.Mwam’ ungaburir’ Ijambo ryawe,
Nk’uko wamanyaguy’ umutsima
I Galilay’ ugahaza benshi,
Non’ umpe Mwami, ngo mpage nanje.
2.Ni wewe Mutsima w’ubugingo,
Nkizwa n’ukun kw’ ijambo ryawe;
Rimber’ indya zihaz’ umutima:
Nyigisha gukund’ ukuri kwawe.
3.Mukiz’ untunieko Mpwemu wawe,
Ankore ku maso ngo mpumuke;
Mbon’ ibihishijwe mu Gitabo,
Nawe nkubonemwo, Mukiza we.
4.Umpezagirir’ iki Gitabo,
Kinyerek’ icaha n’agakiza:
Ni ho noca mva mu bugurano,
Nkuronkeremw’ amahoro, Mwami.
Gusubiramo:
ABANA



Uri kuririmba: Indirimbo ya 293 mu Guhimbaza kirundi