Indirimbo ya 295 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Zakayo yari mugufiya
1. | Zakayo yari mugufiya, Eka yari rrmgufi pe! Yiruka ku git’ aracurira Rugira ngw arabe Yesu, Kugira ngw arabe Yesu. |
2. | Yes’ araz’ ararangamiza, Maz’ abonayo Zakayo, Ati Zakay’ ururuk’ uz’ ino, Ngo tujane ndar’ i wawe, Ngo tujane ndar’ i wawe. |
3. | Buno nyen’ ac’ arururuka, Barajana bashik’ i we, Ubusuma bgos’ arabgihana, Ati Pe, nzoriha kane! Ati Pe, nzoriha kane! |
4. | Yes’ aramubgir’ ati None haj’ Agakiza mur’iyi nzu. Kandi nazanywe no kurondera Icari cazimiye, Icari cazimiye. |