Indirimbo ya 300 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Bana,ntimugire
1. | Bana,ntimugire Icaha mukora, Ntimutonganishwe N’ivyo kuraka. |
2. | Bana, kuko mûri Aba Yesu Kristo, Non’ ingeso ziwe Zibe n’ izanyu. |
3. | We yahor’ avuga Ivy’ ukuri gusa, Ivy’ isoni nta vyo Ycsu yakoze. |
4. | Ntihigeze n’ umwe Yagiriye nabi, Kuko yamye yanka Ivyaha vyose. |
5. | Har’ ufis’ ubgenge Bgo kubosha nabi, N’ Umwansi Satani Ahora hafi. |
6. | Abasezeranye Guheba Satani, No kurek’ ivyaha, Ntimumwumvire. |
7. | Yes’ azobafasba Kumurwanya cane, Kuko na we nyene Yamunesheje |