Indirimbo ya 300 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Bana,ntimugire


1.Bana,ntimugire
Icaha mukora,
Ntimutonganishwe
N’ivyo kuraka.
2.Bana, kuko mûri
Aba Yesu Kristo,
Non’ ingeso ziwe
Zibe n’ izanyu.
3.We yahor’ avuga
Ivy’ ukuri gusa,
Ivy’ isoni nta vyo
Ycsu yakoze.
4.Ntihigeze n’ umwe
Yagiriye nabi,
Kuko yamye yanka
Ivyaha vyose.
5.Har’ ufis’ ubgenge
Bgo kubosha nabi,
N’ Umwansi Satani
Ahora hafi.
6.Abasezeranye
Guheba Satani,
No kurek’ ivyaha,
Ntimumwumvire.
7.Yes’ azobafasba
Kumurwanya cane,
Kuko na we nyene
Yamunesheje



Uri kuririmba: Indirimbo ya 300 mu Guhimbaza kirundi