Indirimbo ya 303 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yesu, Mwungere wanje.
1. | Yesu, Mwungere wanje. Nd’ umwagaz’ undagire. Sinzogir’ ico ntinya, Nta wonnyaga nd’ uwawe. |
2. | Yes’ amaboRo yawe Wayakikiz’ abana, None yagiz’ inkovu, Ni kubganje zakwishe. |
3. | Nzohora ngutazira, Nkwumvire mûri vyose, Mpa kukunezereza, Mbone kuzoj’ i wawe. |
4. | Yesu, Mwungerc wanje, Uze wam’ umb a hafi, Nd’ umwagaz’ ugukunda, Nyigisha kukwumvira. |
5. | Noye kuzokezera Ndagii” inkoni yawe, Ngukurikire ngere Ikirenge mu cawe. |
6. | Ni naj’ iyo mw ijuru, Nshits’ imbere y’ intebe Y’ Iniana, ni ho nzoba Menya nk’ uko namenywe. |