Indirimbo ya 304 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Har’ Umukunzi w’ abana


1.Har’ Umukunzi w’ abana
Mw ijuru k’ Uhoraho,
Abakund’urukundo
Rut agir’ iherezo,
Abadukunda mw isi
Boduharuruka:
Yesu we n’ Umukunzi
Atoduhemukira.
2.Harih’ uburuhukiro
Mw ijuru k’ Uhoraho,
Bg’ abana bamukunda
Bambaz’ izina ryiwe,
Ah’ abagenzi bato
Bahora bataha,
Ni ho baruhukira
Mu mahor’ adashira.
3.Mw ijuru harih’urugo,
Nyene rwo n’ Umukiza
Abana bamukunze
Bazoshika mûri rwo:
N’ urugo rwiza cane,
Rw’ amahoro masa,
Umunezero wabo
Urut’ uw’ abo mw isi.
4.Har’ ibitsibo mw ijuru
Vy’ abana bakijijwe,
Babikiwe na Yesu
Ku musi bamwizeye;
Abamukunda bose,
Bakamushimisha,
Bazogererwa na we
Inger’ itazoshira.
5.Harih’ indirimbo nziza
Y’ abana bakijijwe;
Bazama baririmba
Ni bashika mw ijuru,
Ishim” Umwami Ye su
Ko yabacunguye:
Kand’ abayiririmba
Ntibazocobogora.
6.Har’ impuzu zera kandi
Z’ abana bakijijwe,
N’ indirimbo z’ ishimwe,
N’ inanga z’ izahabu;
Abakunz’ Umukiza
Ni bo babihabga:
Ni muze bana mwese,
Muvyakiran’ ishimwe.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 304 mu Guhimbaza kirundi