Indirimbo ya 309 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Inzu yawe Mana
1. | Inzu yawe Mana, N’iy’ icubahiro; Iraduhirnbara, Tuyikunda cane. |
2. | Dukoraniramwo Guseng’ Uhoraho, Akaza mûri yo, Kudusanganira. |
3. | Dukunda n’ahantu Ho kubatiriza, Ni ho twemerera Amasezerano. |
4. | Ingaburo Yera Iraduhimbara, Ni h’ufatanira N’abakwizigira. |
5. | Batwigishiriza Mur’iyi nzu nziza Ivyanditswe Vyera Bitwigish’ivyawe |
6. | Kandi batwigisha Ibidukomeza Mu ntambara nziza Bikatunezera |
7. | Indirimbo zacu Naho tuzikunda Twifuza kumenya Iz’abo mw’ijuru |
8. | Ngo turushirize Kugukunda Mana Hanyuma m’ijuru Tuzoguhimbaza |
Gusubiramo: | |
INGABURO YEARA |