Indirimbo ya 31 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Murokoz’ uh’ imbabazi
1. | Murokoz’ uh’ imbabazi Umutim’ ukugomba, Ubgiza bgazo n’ubgera Binzemw’imisi yose. |
Gusubiramo: | |
Kurije, kurije! Binzemw’ imisi yose. | |
2. | Data mwiza, Mana yera, Mpora ngucumurako. Mfis’ ivyaha, ndirabuye, Ungirir’ imbabazi. |
Gusubiramo: | |
Mparira, mparira! Ungirir’ imbabazi. | |
3. | Mukiza, Munyakigongwe, Ndakwihambiriyeko. Mfis’ inzara, mfis’ inyota, Ndakwinginz’ unyitabe. |
Gusubiramo: | |
Nyitaba, nyitaba! Ndakwinginz’ unyitabe. | |
4. | Mpwemu Yer’ ump’ umutima Wizigiy’ Umukiza. Yes’ unyoze mu maraso, Unyuhagir’ ivyaha. |
Gusubiramo: | |
Unyoze, unyoze! Unyuhagir’ivyaha. | |
5. | Data, wemeye k’Umwana Waw’ ampfira ngw ankize, Na Mpwemu kw amp’ inkomezi, We Mana yer’ unkize. |
Gusubiramo: | |
Unkize, unkize We Mana yer’unkize. |