Indirimbo ya 315 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Imana yakoze neza


1.Imana yakoze neza
Ibidutangaza,
Abantu bo mur’ iyisi
Batamenya na mba.
2.Ni mushim’ iyateguye
Inzira ducamwo,
Tukabatubonany’ubu
Tutishwe n’ ivyaha.
3.Twari twaratandukanye,
Ariko noneho
Dusubiye kubonana Dufis’ akaneza.
4.Yemwe bagenzi dukunda
Nta co tubagaya,
Mu vyo twafatanijemwo
Turabashimiye.
5.Nuko bagenzi,Ku Mana,
Mw isi ni ko biba,
Abakunda Siyoni nsha
Ni ho tuzobana.
6.Umugisha w’ Uhoraho
Uhorane namwe,
Abah’ akanyamuneza
Mu rugendo rwanyu.
Gusubiramo:
KWIMBURA



Uri kuririmba: Indirimbo ya 315 mu Guhimbaza kirundi