Indirimbo ya 318 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nabatijwe mw’izina


1.Nabatijwe mw’izina
Ryawe Data Mana yera
Ntangur’ubu kwizera
Mu vyago vyose bizoza ,
Ni wangez’umpe kurama,
Biguter’icubahiro
2.Nabatijwe mw izina
Ryawe Mwana, Mana Yera
Ivyaha vyanje vyose
Warabinkuyeko rwose,
Umfashe, simbe nkigira
Ikikubabaza cose.
3.Nabatijwe mw izina
Ryawe Mpwemu, Mana Yera,
Non’ umpay’ icicaro
Mw Ishengero ry’ Uhoraho:
Tubone mu munezero,
Untabare mu marushwa.
4.Uko mur’Ubutatu
Budatana mundagano
Mushimw’imisi yose
Muhimirw’umubatizo
Napfuye kandi nazutse
Ni name mpfa kandi nzuke



Uri kuririmba: Indirimbo ya 318 mu Guhimbaza kirundi