Indirimbo ya 319 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mana tukuzaniye


1.Mana tukuzaniye
Abana waduhaye
Bakiran’urukundo
Barag’ubwami bwawe
2.Natw’abazobarera,
N’ uduh’ ubgenge bgawe,
Tubatoze ya nzira
Yo kubajan’ i wawe.
3.Umusaraba wawc
Tuba tubashushanijeko,
Ub’ akarangabgami
Kw ar’ abawe, Mukiza.
4.Kand’ uwo Musaraba
Ntugume ku rukoba,
Wushire mu mitima,
Ntibiratan’ ikindi.
5.Barwanan’ ubutore
Musi y’ iyo bendera
Barasana n’ ivyaha
N’ ivy’ isi na Satani.
6.Bab’ ab’ izina ryera
Ryawe Data wa twese,
N’ iry’ Umwan” Umukiza,
N’ irya Mpwem’ Umufasha.
Gusubiramo:
GUHEZAGIRA ABANA



Uri kuririmba: Indirimbo ya 319 mu Guhimbaza kirundi