Indirimbo ya 319 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mana tukuzaniye
1. | Mana tukuzaniye Abana waduhaye Bakiran’urukundo Barag’ubwami bwawe |
2. | Natw’abazobarera, N’ uduh’ ubgenge bgawe, Tubatoze ya nzira Yo kubajan’ i wawe. |
3. | Umusaraba wawc Tuba tubashushanijeko, Ub’ akarangabgami Kw ar’ abawe, Mukiza. |
4. | Kand’ uwo Musaraba Ntugume ku rukoba, Wushire mu mitima, Ntibiratan’ ikindi. |
5. | Barwanan’ ubutore Musi y’ iyo bendera Barasana n’ ivyaha N’ ivy’ isi na Satani. |
6. | Bab’ ab’ izina ryera Ryawe Data wa twese, N’ iry’ Umwan” Umukiza, N’ irya Mpwem’ Umufasha. |
Gusubiramo: | |
GUHEZAGIRA ABANA |