Indirimbo ya 330 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Habay’umus’ ijuru ryanezerwa
1. | Habay’umus’ ijuru ryanezerwa, Ariko mw isi huzuy’umwiza, Uyo musi Yes’amanuka mw isi Ngwavyarwen’umukobgaatunganye. |
Gusubiramo: | |
Rab’ wukundo rwatumy’ ampfira, Agahamb’ ivyaha vyanje mu mva, Mu kuzuk’akantsindanishiriza: Hazoz’umus’ azogarukako. | |
2. | Habay’ umusi babamb’ Umukiza I Gologota ku musaraba, Arababazw’ akengerwa n’abantu: Uko ni ko yankuyekw ivyaha. |
3. | Habay’ umusi bahamb’ Umukiza, Bamushira mu mva y’umutunzi, Kubg’ivyo sinzongera kwihebura: Nshiz’ ivyizigiro mûri Yesu. |
4. | Habay’ umusi Satan’ araneshwa, Vyananiy’ imva kugumya Yesu. Ac’ arazuka, aneshej’ urupfu, Aja mw ijur’ i buryo bg’ Imana. |
5. | Hazob’umusituzumvakw’inzamba, Ijuru rizokayangana pe, Umukiza wanj’ azoza mu bgiza, Aje ku ngoma ngo yime mw isi. |