Indirimbo ya 339 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Tugiy’i wacu mw ijuru
1. | Tugiy’i wacu mw ijuru, Ni muze, ni muze! Gutazir’ Umurokozi, Ni muze, ni muze, Umv’abashitseyo ni benshi pe Mu bgami bg’Imana baranezerwa, Abandi benshi bajayo. Ni muze ni muze! |
2. | Tuzonobanga mu muco, Ni muze, ni muze! Dusiz’umwira w’ivyaha, Ni muze, ni muze! Har’ igitsibo tuzokwambara, Tuzonezeranwa n’abakijijwe, Dusangiy’ubgiza na bo, Ni muze, ni muze! |
3. | Ni wemera ngo tujane, Ihane, ihane! Izere Yes’ agukize, Ihane, ihane! Akur’ umutwaro wikoreye K.’ uremerewe rek’ akuruhure, Wimane na we mw ijuru, Ihane, ihane! |