Indirimbo ya 340 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Yesu Mucunguzi wanje


1.Yesu Mucunguzi wanje
Ndaj’ i waw’ uyu musi.
Amaraso antunganye
Y’Umwagazi w’ intama.
Gusubiramo:
Yes’ ashimwe kand’ ashimwe,
Icubahiro kibe
lc’ Umwana uw’ intama,
Dushinf izina ryiwe.
2.Kera nashimitse cane
Ngo mbone umugisha.
None ndakwihaye Mwami,
Yesu Mwana w’ intama.
3.Nzobarir’ abantu bose
Agakiza ka Yesu.
Umukiza yaduhaye
Agakiza k’ ubuntu. .
4.Nzovuga can’ ivya Yesu,
N’ ubutumwa nta soni:
Kuko yankijij’ umwansi,
Ndamushim’ arakiza.
5.Ndamushim’ Uwankijije,
N’ ugukiz’ arakiza.
Yes’ ashimwe n’ Umukiza,
Ububasha n’ ubgiwe.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 340 mu Guhimbaza kirundi