Indirimbo ya 341 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nta wuzigamwa mw irinde


1.Nta wuzigamwa mw irinde
Nk’ abana b’ Imana nzima,
Nanzi n’inyoni mu cari
N’inyenyeri zo kw ijuru.
2.Umwam’ Imana Rurema
Ni yo nkinz’ idukingira:
Itugumya mu maboko,
Itugirir’ ikigongwe.
3.Nta magorwa nta buhirwe
Bishobora kudukura
Ku mukunzi wacu mwiza,
Az’ ivyiyumviro vyacu.
4.Iraz’amarira yacu,
Yaharuye n’imishatsi;
Kandi mu magorwa yacu
Ni yo yam’ ituremesha.
5.Namb’itwara cank’ itanga
Ni yo Data w’ urukundo;
Ib’igomba kimwe gusa,
N’uguh’ umwan’umugisha.
6.Shengero ryayo himbarwa,
Ni yo Mutabazi wawe.
Ikuy’ijambo mu kanwa
Abansi bose batsindwa.
7.Intambara ni yashira
N’amarushwa n’iminiho,
Dat’azodu hamagara
Ati Ni muze mw ijuru.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 341 mu Guhimbaza kirundi