Indirimbo ya 341 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nta wuzigamwa mw irinde
1. | Nta wuzigamwa mw irinde Nk’ abana b’ Imana nzima, Nanzi n’inyoni mu cari N’inyenyeri zo kw ijuru. |
2. | Umwam’ Imana Rurema Ni yo nkinz’ idukingira: Itugumya mu maboko, Itugirir’ ikigongwe. |
3. | Nta magorwa nta buhirwe Bishobora kudukura Ku mukunzi wacu mwiza, Az’ ivyiyumviro vyacu. |
4. | Iraz’amarira yacu, Yaharuye n’imishatsi; Kandi mu magorwa yacu Ni yo yam’ ituremesha. |
5. | Namb’itwara cank’ itanga Ni yo Data w’ urukundo; Ib’igomba kimwe gusa, N’uguh’ umwan’umugisha. |
6. | Shengero ryayo himbarwa, Ni yo Mutabazi wawe. Ikuy’ijambo mu kanwa Abansi bose batsindwa. |
7. | Intambara ni yashira N’amarushwa n’iminiho, Dat’azodu hamagara Ati Ni muze mw ijuru. |