Indirimbo ya 342 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Napfanye na Yesu, mpfa ku vyaha.


1.Napfanye na Yesu, mpfa ku vyaha.
Ndiho mûri we mfis’ ubugingo,
Ntumbera Yes’ ahari mw ijuru:
Akanya kose, Mwami; nd’ uwawe.
Gusubiramo:
Akanya kose ni w’ anzigama,
Akanya kose mfis’ ubugingo,
Ntumbera Yes’ ah’ ari’mw ijuru:
Akanya kose, Mwami, nd’ uwawe.
2.Kandi mu ntambara,ndwany’ivyaha.
Ni w’ antabar’ akanneshereza,
Kukw ari we Nyen’ inganji zose:
Akanya kos’ ampozakw ijirho.
3.No mu magorwa yam’ amba hafi,
Ni w’ anyakir’ imitwaro yose,
Yamana nanje mu mibabaro:
Akanya kose, yam’ anzigama.
4.Kandi n’ iyo nsuhuz’ umutima,
Mfis’ umubabaro n’ akabonge,
Cank’ iyo ndi no mwirinde ryose:
Akanya kose, yam’ anyibuka.
5.Mu ntege nke zanj’ amp’ inkomezi,
Nta n’ indwar’ ananirwa gukiza,
Yesu ni we Murokozi wanje:
Akanya kose ni we tubana.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 342 mu Guhimbaza kirundi