Indirimbo ya 342 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Napfanye na Yesu, mpfa ku vyaha.
1. | Napfanye na Yesu, mpfa ku vyaha. Ndiho mûri we mfis’ ubugingo, Ntumbera Yes’ ahari mw ijuru: Akanya kose, Mwami; nd’ uwawe. |
Gusubiramo: | |
Akanya kose ni w’ anzigama, Akanya kose mfis’ ubugingo, Ntumbera Yes’ ah’ ari’mw ijuru: Akanya kose, Mwami, nd’ uwawe. | |
2. | Kandi mu ntambara,ndwany’ivyaha. Ni w’ antabar’ akanneshereza, Kukw ari we Nyen’ inganji zose: Akanya kos’ ampozakw ijirho. |
3. | No mu magorwa yam’ amba hafi, Ni w’ anyakir’ imitwaro yose, Yamana nanje mu mibabaro: Akanya kose, yam’ anzigama. |
4. | Kandi n’ iyo nsuhuz’ umutima, Mfis’ umubabaro n’ akabonge, Cank’ iyo ndi no mwirinde ryose: Akanya kose, yam’ anyibuka. |
5. | Mu ntege nke zanj’ amp’ inkomezi, Nta n’ indwar’ ananirwa gukiza, Yesu ni we Murokozi wanje: Akanya kose ni we tubana. |