Indirimbo ya 343 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Kuri wa mus’ aho tuzozuka


1.Kuri wa mus’ aho tuzozuka
Twese tugiz’ imibiri misha,
Amarira n’ uburibge
Ntibizoba bikiboneka.
2.Ubu bugingo n’ uyu mubiri
Vyompi bikwiye gutandukana,
Bikarorer’ urya musi
Biryamye vyisinziririye.
3.Non’uyu mubiri w’ikiruhe
Turawuryamitse ngaha mw ivu,
Arik’ ubugingo bgo bgo,
Buririmbir’ Umwami Yesu.
4.Hanyum’ ubugingo n’ umubiri
Ni vyamara gusubira hamwe,
Nta kizobitandukanya,
Bizoha g’ ishusho ya Yesu.
5.Ewe munezero mwinshi cane
Tuzobona ku musi w’izuka,
Ni h1 imva zose zo mw isi
Zizogarukan’ abapfuye.
6.Uwo mus’ abavyeyi n’ abana
N’ abagabo n’ abagore babo,
Bo n’ abavukana bose
Bazosubira kubonana.
7.Mwami Yesu, mur’ iryo huriro
Emera kuduha gushikayo.
Uturenz’ urupfu natwe,
Twizey’ umusaraba wawe.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 343 mu Guhimbaza kirundi