Indirimbo ya 345 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Enda ni muze twihererane


1.Enda ni muze twihererane,
Ibikorwa birabananije;
Mwiyuh’ ivyuya, mutenzukirwe,
Mbasubizemw’ inkomezi zanje.
2.Murek’ ibikundwa n’ ab’ iyi si:
Ngo tuyag’ ivy’ ab’isi batazi!
Mubaye kumwe nanje na Data
Ntimuzoba mubaye mwenyene.
3.Ivyo mwavuze n’ ivyo mwakoze,
Ar’ ukunesha canke kuneshwa,
Ivyo muziga n’ ivyo mutinya.
Mundondere vyos’ uko bingana.
4.Ndazi yukw ar’ ikigoye cane
Kwemez’ abantu ngo bahinduke,
Yemw’ abacumukuye mûrira
Mwihangane nzobah’ igitsibo.
5.Ni muruhuke kuk’ urugendo
Rukomeye, rwobagwish’ isari,
Mury’ umutsim’ ubah’ inkomezi,
Munywe no ku mazi y’ubugingo!
6.Maze duhejeje kubonana
Musubire mu bikorwa vyanyu;
Uyu mubonano wacu mwiza
S’ uw’ ubusa, n’uw’ ikimazi pe.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 345 mu Guhimbaza kirundi