Indirimbo ya 348 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Har’ umwanya woha
1. | Har’ umwanya woha YesuYakwikorerey’ ivyaha? Nguy’ arikw araramutsa, Mbega ntiwomwinjiza? |
Gusubiramo: | |
Shitsa Yesu mu mutima, Itab’ ijambo ryiwe: Mwugururire n’ ingoga Bikigushobokera. | |
2. | Mu mutim’ ufis’ umwanya W’ ibiguhimbara bindi, Ariko Yesu yabambge Nta mwany’umufitiye! |
3. | Har’ umwanya w’ ivya Yesu Wobonana gucurumba? Ubu n’ igihe gikwiye, Umwitab’ umwinjize. |
4. | Uhe Yes’ umwanya none. Igihe ntikikurenge: Utarahav’uteterwa, Ngw ahebe kukwinginga. |