Indirimbo ya 348 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Har’ umwanya woha


1.Har’ umwanya woha
YesuYakwikorerey’ ivyaha?
Nguy’ arikw araramutsa,
Mbega ntiwomwinjiza?
Gusubiramo:
Shitsa Yesu mu mutima,
Itab’ ijambo ryiwe:
Mwugururire n’ ingoga
Bikigushobokera.
2.Mu mutim’ ufis’ umwanya
W’ ibiguhimbara bindi,
Ariko Yesu yabambge
Nta mwany’umufitiye!
3.Har’ umwanya w’ ivya Yesu
Wobonana gucurumba?
Ubu n’ igihe gikwiye,
Umwitab’ umwinjize.
4.Uhe Yes’ umwanya none.
Igihe ntikikurenge:
Utarahav’uteterwa,
Ngw ahebe kukwinginga.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 348 mu Guhimbaza kirundi