Indirimbo ya 349 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nabony’ uburuhukiro


1.Nabony’ uburuhukiro
Muri Kristo Yesu;
Ni we gusa nihishamwo.
Nta bandi nizeye.
Gusubiramo:
Nta wundi n’umwe ni zera,
Nta kindi niregura,
Atari Yesu yabambge,
Arijew’ azize.
2.Nyuzwe n’agakiza kiwe,
Nta bgoba ngifise;
Nj’iy’ ari nd’ umunyavyaha,
Maz’ akanyakira.
3.Kand’iyo ndway’arankiza,
Ngacika muzima;
Amaraso yiw’ ampesha
Ubugingo busha.
4.Ndemeshwa n’ijambo ryiwe,
Narons’ agakiza
Kubg” iryo zina rya Yesu.
N’amaraso yiwe.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 349 mu Guhimbaza kirundi