Indirimbo ya 35 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke


1.Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke,
Naho noba mbambge ku musaraba,
Noharirimbira: Nkuyoboke Mwami,
Nkuyoboke Mwami ni nkube hafi.
2.Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke,
Mu marushwa yose wam’undemesha.
Ni nagwa mu vyago, umpe kwihangana;
Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi.
3.Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke.
Uhor’ untabara name nkwizera,
Umwans’ iy’anteye uz’undwanirire,
Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi.
4.Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke,
Wakinguy’ijuru; nyobor’ ah’ uri.
Yewe ngenzi, rema, urimugukira!
Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 35 mu Guhimbaza kirundi