Indirimbo ya 35 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke
1. | Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke, Naho noba mbambge ku musaraba, Noharirimbira: Nkuyoboke Mwami, Nkuyoboke Mwami ni nkube hafi. |
2. | Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke, Mu marushwa yose wam’undemesha. Ni nagwa mu vyago, umpe kwihangana; Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi. |
3. | Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke. Uhor’ untabara name nkwizera, Umwans’ iy’anteye uz’undwanirire, Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi. |
4. | Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke, Wakinguy’ijuru; nyobor’ ah’ uri. Yewe ngenzi, rema, urimugukira! Nkuyoboke Mwami, ni nkube hafi. |