Indirimbo ya 4 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Dushime can’ izina ryawe
1. | Dushime can’ izina ryawe Yesu Mukiza wacu: Turakwimitse ng’ utuganze, Mukama wacu Yesu, Rugira vyose. |
2. | Yemwe mwishwe bamubahora, Munezerwe mw ijuru: Muhimbaz’ uwabapfiriye: Ni we Mukama wacu Rugira vyose. |
3. | Mwa bana ba Adamu mwese, Bacunguwe na Yesu, Muhimbaze mwene Dawidi, Umwami wacu Yesu Rugira vyose. |
4. | Abakuwekw ivyaha mwese, Mukaronk’ ubgo buntu Enda tumwunamire twese, Ni we Mukama wacu Rugira vyose. |
5. | Namwe banyamahanga mwese, Imik’ uwo Mukiza, Ni we Mucunguzi w’abantu, Umwami wacu Yesu Rugira vyose. |
6. | Twifuza cane kuzoshika Mw ijur’ aho Yes’ ari, Ngo tumushim’ ibihe vyose, Ni we Mukama wacu Rugira vyose. |