Indirimbo ya 40 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nizigiy’ Imana, N’Umwana w’ Intama


1.Nizigiy’ Imana, N’Umwana w’ Intama
Yampfiriye; none ndamusaba
Ngw anyoz’ umutima,
Maz’ac’ anyakira, ncik’umwana.
2.Ndakwinginga wew e, Yesu Mukiza we,
Ntabara se; Ndashak’ urukundo,
Kandi n’ umugisha,
Ngomba wa muco , wake muri je.
3.Ibi birangoye, Numva bimbabaje.
Ndiganyira; None Yesu wanje,
N’ ubinkize vyose,
Ngende nnezerew’ imyaka yose.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 40 mu Guhimbaza kirundi