Indirimbo ya 41 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nasezeranije guhora
1. | Nasezeranije guhora Ngukurikira Yesu, Imisi yos’ umpore hafi Mukiza wanje mwiza. Sinzokwigera ntiny’ intambara, Wew’ umpagaze hafi, Sinosbobora kuzimira Ni wahor’ unyobora. |
2. | Ndagomba kukwumv’ umba hafi, Kukw ivy’ isi binsuka, Amajwi yavyo numv’ ageza Kungwisha ngo nkuveko. Ababisha babi bankikije Bar’inyuma n’ imbere, Ariko Yes’ ubatangire, Undind’ ibicumuro. |
3. | Ijwi ryawe ryiza Mukiza, Rindutir’ ayo yose, Unyongorere mu mutima, Sinkumvir’ ibinsuka. Wam’ umvugira hafi ngo ndeme, Umbarir’ ivy‘ ugomba, Uvuge nanje nzokwumvira Mukiza nizigira. |
4. | Mukiza, wasezeranije Abagukurikira Yuko bose bazoj’ i wawe, Bagahorana nawe. Kandi nanje nasezeranije Guhora ngukorera; Mfashish’ ubushobozi bgawe Databuja, Mukunzi. |
5. | Kand’ umpe kuger’ ikirenge Mu c’i wawe Ndongozi, Nta bundi bushobozi Yesu, Nizey’ atar’ ubgawe. Hor’ undongor’ unjana Mukiza. Ugez’ aho nzopfira, Maz’ uz’ unyakire mw ijuru Mukunzi wankijije. |