Indirimbo ya 41 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nasezeranije guhora


1.Nasezeranije guhora
Ngukurikira Yesu,
Imisi yos’ umpore hafi
Mukiza wanje mwiza.
Sinzokwigera ntiny’ intambara,
Wew’ umpagaze hafi,
Sinosbobora kuzimira
Ni wahor’ unyobora.
2.Ndagomba kukwumv’ umba hafi,
Kukw ivy’ isi binsuka,
Amajwi yavyo numv’ ageza
Kungwisha ngo nkuveko.
Ababisha babi bankikije
Bar’inyuma n’ imbere,
Ariko Yes’ ubatangire,
Undind’ ibicumuro.
3.Ijwi ryawe ryiza Mukiza,
Rindutir’ ayo yose,
Unyongorere mu mutima,
Sinkumvir’ ibinsuka.
Wam’ umvugira hafi ngo ndeme,
Umbarir’ ivy‘ ugomba,
Uvuge nanje nzokwumvira
Mukiza nizigira.
4.Mukiza, wasezeranije
Abagukurikira
Yuko bose bazoj’ i wawe,
Bagahorana nawe.
Kandi nanje nasezeranije
Guhora ngukorera;
Mfashish’ ubushobozi bgawe
Databuja, Mukunzi.
5.Kand’ umpe kuger’ ikirenge
Mu c’i wawe Ndongozi,
Nta bundi bushobozi Yesu,
Nizey’ atar’ ubgawe.
Hor’ undongor’ unjana Mukiza.
Ugez’ aho nzopfira,
Maz’ uz’ unyakire mw ijuru
Mukunzi wankijije.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 41 mu Guhimbaza kirundi