Indirimbo ya 42 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mwami wanje, ngomba kuba


1.Mwami wanje, ngomba kuba
Uwakijijwe nawe;
Nakishwe nawe Mukiza,
Kuk’ ur’ umuco wanje.
Mu kubaho kwanje numve
Urukundo rw’ ukuri,
No mu mwiza wo mw ijoro
Ngushirek’ umutima.
2.Mwami wanje ngomba kuba
Umuco wama waka
Mu nzira y’umuzimiza,
Ndongor’ abaz’ i wawe.
Name mmurikir’ abantu
Bakiri kure cane.
Ndekeshwe gukekeranya
N’ukwizigira kwiza.
3.Mwami wanje, ngomba kuba
Umwigisha w’ivyawe,
Mvuge hose Databuja,
Yuko watubambiwc;
Abari mu rupfu rubi
Mbabgir’ ikibakiza,
Nze ndemesh’ abababaye,
Nereke bos’ Umwami.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 42 mu Guhimbaza kirundi