Indirimbo ya 42 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mwami wanje, ngomba kuba
1. | Mwami wanje, ngomba kuba Uwakijijwe nawe; Nakishwe nawe Mukiza, Kuk’ ur’ umuco wanje. Mu kubaho kwanje numve Urukundo rw’ ukuri, No mu mwiza wo mw ijoro Ngushirek’ umutima. |
2. | Mwami wanje ngomba kuba Umuco wama waka Mu nzira y’umuzimiza, Ndongor’ abaz’ i wawe. Name mmurikir’ abantu Bakiri kure cane. Ndekeshwe gukekeranya N’ukwizigira kwiza. |
3. | Mwami wanje, ngomba kuba Umwigisha w’ivyawe, Mvuge hose Databuja, Yuko watubambiwc; Abari mu rupfu rubi Mbabgir’ ikibakiza, Nze ndemesh’ abababaye, Nereke bos’ Umwami. |