Indirimbo ya 45 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ndakugomba Mukiza we.


1.Ndakugomba Mukiza we.
Nta ho mbasha kwijana,
Nifuza k’ umpora hafi,
Ukaj’ urankomeza.
Gusubiramo:
Sinzogir’ ico ntinya,
Yesu, njan’ ah’ ugombo,
Nta ho nzogenda ngimira,
Ngukurikir’ ah’ uja.
2.Ndakugomba Mukiza we,
Ndiyoroheje cane,
Ni wewe gus’undemesha,
Nta wundi mbizigako.
3.Ndakugomba Mukiza we,
Aho ndi mur’ iyi si:
Mw isegenya no ku zuba,
Mu vyago no mu vyiza.
4.Ndakugomba Mukiza we,
Undongore mu nzira,
Nshitsa kuri Yorodani,
Utek’ urunjabutse.
Gusubiramo:
Sinzogir’ ico ntinya,
Yesu njan’ ah’ ugomba,
Ntaho nzogenda ngimira,
Ngukurikir’ ah’ uja.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 45 mu Guhimbaza kirundi