Indirimbo ya 47 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nzama nganyira Yes’ ibingoye
1. | Nzama nganyira Yes’ ibingoye, Sinzovyihererana nd’ umwe, Mmutakambiye yoc’ antabara Kukw ankunda, nd’ umwana wiwe. |
Gusubiramo: | |
Nzama nganyira Yes’ ibingoye, Sinzovyihererana nd’ umwe, Nzama nganyira Yes’ ibingoye, Simfis’ uwundi Mutabazi. | |
2. | Nzama nganyira Yes’ ibindusha, Ni we Mugenz’ arut‘ abandi, Mbimwiganiye yoc’ abinkiza, Azondemesha mu mutima. |
3. | Ndi n’ibindwanya bingerageza, Ariko mfise n’ Umukiza, Ivyahora bimbabaza kera, Vyose nabiremetse Yesu. |
4. | Is’ irageza kunyosha nabi, Satan’ akaz’ agir’ ansuke, Ariko ntakambiy’ Umukiza, Ampa kunesha nkabitsinda |