Indirimbo ya 49 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ugusenga. ugusenga
1. | Ugusenga. ugusenga Kuramfash’ ibihe vyose, Kunshikana kuri Data, Akankiza mu bingoye. Kandi Satan’ iy’ anteye Akansuk’ uburyo bgose, Ibihetangabo kenshi, Ugusenga kuramfasha. |
2. | Wa gusenga, wa gusenga, Amababa yaw’ ajana Ivyo nsaba kuri Data, Yiteze kump’ umugisha. Kw ari we nzigak’ ubuntu, Sinzoreka kumusenga, Nzomukorer’ amaganya: Ntazokwanka kunduhura. |
3. | Kand’ igihe kizoshika Mbon’ ibiri kure vyose, Vy’ igihugu citereye Hariy’ i wacu mw ijuru. Ni ho nzoca nterurirwa, Njanwe n’abamarayika, Ndirimban’ umunezero: Nt’ Ugusenga ni gukuru. |