Indirimbo ya 49 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ugusenga. ugusenga


1.Ugusenga. ugusenga
Kuramfash’ ibihe vyose,
Kunshikana kuri Data,
Akankiza mu bingoye.
Kandi Satan’ iy’ anteye
Akansuk’ uburyo bgose,
Ibihetangabo kenshi,
Ugusenga kuramfasha.
2.Wa gusenga, wa gusenga,
Amababa yaw’ ajana
Ivyo nsaba kuri Data,
Yiteze kump’ umugisha.
Kw ari we nzigak’ ubuntu,
Sinzoreka kumusenga,
Nzomukorer’ amaganya:
Ntazokwanka kunduhura.
3.Kand’ igihe kizoshika
Mbon’ ibiri kure vyose,
Vy’ igihugu citereye
Hariy’ i wacu mw ijuru.
Ni ho nzoca nterurirwa,
Njanwe n’abamarayika,
Ndirimban’ umunezero:
Nt’ Ugusenga ni gukuru.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 49 mu Guhimbaza kirundi