Indirimbo ya 56 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Yes’ arakurorereye


1.Yes’ arakurorereye,
Aragukunda;
Araguhamagar’ ati
Ngwino hano.
2.Umvir’ amagambo meza
Akubgir’ ati
Nabambiwe kugira ngo
Ngucungure.
3.Imbabazi zanje nziza
Uzankir’ iki?
Ntiwonyizer’ ukakira
Agakiza?
4.Mbe ntumaz’ imyaka myinshi
Uri mu vyaha,
Ujakariye Satani:
Nturambiwe?
5.None reka nkubohore,
Naw’ unyizere,
Uz’ aho nd’ unezerewe
Ub’ uwanje.
6.Yesu yamy’ akubgir’ ayo
Majambo meza,
Umve yongera kwinginga,
Womwank’ ute?
7.Ntutebe, kukw ijwi ryiwe
Ryoca rihora;
Ubu n’ igihe cemerwa,
Emer’ ubu.
8.Mwami Yesu, singitevye,
Ehe nditavye:
Kub’ umugurano wawe
Ni co nkunze.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 56 mu Guhimbaza kirundi