Indirimbo ya 56 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yes’ arakurorereye
1. | Yes’ arakurorereye, Aragukunda; Araguhamagar’ ati Ngwino hano. |
2. | Umvir’ amagambo meza Akubgir’ ati Nabambiwe kugira ngo Ngucungure. |
3. | Imbabazi zanje nziza Uzankir’ iki? Ntiwonyizer’ ukakira Agakiza? |
4. | Mbe ntumaz’ imyaka myinshi Uri mu vyaha, Ujakariye Satani: Nturambiwe? |
5. | None reka nkubohore, Naw’ unyizere, Uz’ aho nd’ unezerewe Ub’ uwanje. |
6. | Yesu yamy’ akubgir’ ayo Majambo meza, Umve yongera kwinginga, Womwank’ ute? |
7. | Ntutebe, kukw ijwi ryiwe Ryoca rihora; Ubu n’ igihe cemerwa, Emer’ ubu. |
8. | Mwami Yesu, singitevye, Ehe nditavye: Kub’ umugurano wawe Ni co nkunze. |