Indirimbo ya 59 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Uraremerewe ku mutima?
1. | Uraremerewe ku mutima? Har’ ivyaha wanyegejeho? Uratiny’ umusi Yes’ azoza, Kubajan’ abiwe mw ijuru? |
Gusubiramo: | |
Yesu ni we Mukiza wacu Yodukur’ ivyaha vyacu, Urukundo rwa Yesu nyene Rwaj’ aha kuri twebge twese. | |
2. | Mbe har’ ishavu n’ ubgob’ ugira? Uragaya bagenzi bawe? iy’ubonye vyose bikugoye, N’ ub’ ugend’ utabaze Yesu. |
3. | Ubukene buri mu mutima, Kandi nta kinezer’ ufise, Ur’ impfuvyi mugir’ ukurinda, Nta rukund’ ukibonekako. |
4. | iyumvire nez’ ingen’ umeze, Bandany’ uje kwinginga Yesu, Musab’ akugirir’ ikigongwe, Akureh’ ivyaha wakoze. |
5. | Noneho rer’ umuco waraje, Ivyaha bija mu maraso, Urukundo rwuzuy’ umutima, Harashits’ amahoro menshi. |