Indirimbo ya 6 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nogir’ indim’ igihumbi
1. | Nogir’ indim’ igihumbi Na ho vy onanira Kuririmb’ uko bikwiye Ishimwe ry’ Umukiza. |
2. | Mana yanje, ngwin’ umfashe Kwamamaza hose Icubahiro n’ ubgiza Vy’ izina ryawe ryiza. |
3. | N’ izina rihumuriza Mu bgoba dufise, Riduh’ ubugingo busha N’ amahoro y’ Imana. |
4. | Yes’ abasha kwic’ icaha, Abohor’ imbohe, Amaraso yiwe yeza Umunyavyaha nkanje. |
5. | Gipfamatwi we, n’ umwumve, Kiragi, ririmba, Mpumyi we, rab’ Umukiza, Kimuga we, n’ usimbe! |