Indirimbo ya 6 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nogir’ indim’ igihumbi


1.Nogir’ indim’ igihumbi
Na ho vy onanira
Kuririmb’ uko bikwiye
Ishimwe ry’ Umukiza.
2.Mana yanje, ngwin’ umfashe
Kwamamaza hose
Icubahiro n’ ubgiza
Vy’ izina ryawe ryiza.
3.N’ izina rihumuriza
Mu bgoba dufise,
Riduh’ ubugingo busha
N’ amahoro y’ Imana.
4.Yes’ abasha kwic’ icaha,
Abohor’ imbohe,
Amaraso yiwe yeza
Umunyavyaha nkanje.
5.Gipfamatwi we, n’ umwumve,
Kiragi, ririmba,
Mpumyi we, rab’ Umukiza,
Kimuga we, n’ usimbe!



Uri kuririmba: Indirimbo ya 6 mu Guhimbaza kirundi