Indirimbo ya 61 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Mpwem’ arakubgira, wumv’ ijwi ryiwe
1. | Mpwem’ arakubgira, wumv’ ijwi ryiwe, Ut’ ubgoro bgawe, raba ku giti. Mpwem’ arakugomba, nta c’umwankira, Wari wacumuye, ngwino kwa Yesu. |
Gusubiramo: | |
Uhoraho abazigame, Abarabe neza imisi yose; Abamurikishiriz’ umuco wera, Namwe mumwizere ntimutenzure. | |
2. | Ngwahan’ ico nguha, uze ntutinye, Akir’ ukunesha, waracunguwe. Mpwem’ arakwinginga, ntumubabaze, Indirimbo yaw’ ishikire Yesu. |
3. | Mu mutima wawe were derere; Ub’ urusengero rw’ Imana yera. Mpwem’ arakwongera kwizera kwinshi, Agukomereze gukund’ Imana. |