Indirimbo ya 69 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Nk’uko Mose yamanits’ inzoka ku giti


1.Nk’uko Mose yamanits’ inzoka ku giti,
Abacikana bakayiraba,
Bagakir’ ubgo bumara, bagakomera,
Kubg’ imbabazi z’Uhoraho:
Ni ko na Yesu ; Yatumanikiwc ku musaraba kera:
Tumurabe tumwizigire.
2.Mutim’ ubabaye, rab’uwagupfiriye,
Raba Yesu yakumanikiwe,
Munyavyah’ umutumbere, ni w’agukiza,
Umurabe, nuk’ urakira.
Raba, wizere! Uguharirw a kwawe kuv’I Gologota,
Raba raba ku musaraba.
3.N’iki catumy’ Umwana w’Iman’ababazwa?
Umv’ icatumy’ abambga ku giti
Akambikw’ igitsibo c’ amahwa mu mutwe:
Ni kubgawe, n’ ivyaha vyawe. Raba, wizere!
Urupfu n’urw’Umukiz’imyandu n’ iyawe,
Raba raba ku musaraba.
4.Naho worir’ ukicuz’ ukanatuntura.
Ntivyokur’ ibicumuro vyawe,
Rab’ impongan’ ikwiranye n’ivyo wakoze
N’ amaraso ya Yesu masa. Raba, wizere!
Wizer’ uwakubambiw’aragutunganya,
Raba raba ku musaraba.
5.Imimyore yiwe ni yo gus’ idukiza;
Yesu n’ukugororoka kwacu.
Ngo wambar’ukugororoka Yes’ atanga,
Nta gushaza kungana gurtyo. Raba, wizere!
Yesu kw’ ariho wam’ ubizi k’utagipfa,
Raba raba ku musaraba.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 69 mu Guhimbaza kirundi