Indirimbo ya 69 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Nk’uko Mose yamanits’ inzoka ku giti
1. | Nk’uko Mose yamanits’ inzoka ku giti, Abacikana bakayiraba, Bagakir’ ubgo bumara, bagakomera, Kubg’ imbabazi z’Uhoraho: Ni ko na Yesu ; Yatumanikiwc ku musaraba kera: Tumurabe tumwizigire. |
2. | Mutim’ ubabaye, rab’uwagupfiriye, Raba Yesu yakumanikiwe, Munyavyah’ umutumbere, ni w’agukiza, Umurabe, nuk’ urakira. Raba, wizere! Uguharirw a kwawe kuv’I Gologota, Raba raba ku musaraba. |
3. | N’iki catumy’ Umwana w’Iman’ababazwa? Umv’ icatumy’ abambga ku giti Akambikw’ igitsibo c’ amahwa mu mutwe: Ni kubgawe, n’ ivyaha vyawe. Raba, wizere! Urupfu n’urw’Umukiz’imyandu n’ iyawe, Raba raba ku musaraba. |
4. | Naho worir’ ukicuz’ ukanatuntura. Ntivyokur’ ibicumuro vyawe, Rab’ impongan’ ikwiranye n’ivyo wakoze N’ amaraso ya Yesu masa. Raba, wizere! Wizer’ uwakubambiw’aragutunganya, Raba raba ku musaraba. |
5. | Imimyore yiwe ni yo gus’ idukiza; Yesu n’ukugororoka kwacu. Ngo wambar’ukugororoka Yes’ atanga, Nta gushaza kungana gurtyo. Raba, wizere! Yesu kw’ ariho wam’ ubizi k’utagipfa, Raba raba ku musaraba. |