Indirimbo ya 71 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Umukiza Yes’ aratabara
1. | Umukiza Yes’ aratabara Ni we nyen’ ikigongwe, Aratubabaye twebg’ abagowe, Ni w’ adutsindira wa Mwansi. |
2. | Abanyavyaha ni baze bose, Krist’ arabarondera, Umutabazi wacu ni we Yesu, Bakizwe n’ amaraso yiwe. |
3. | Rwa rukundo rw’ Imana mw’ijuru Rurasumb’ isi rwose, Imana yacu ni nyen’ imbabazi. Ni yo nyen’ ubuhirwe bgose. |
4. | None bikwiye ko tumwizera, Ni twakir’ ikigongwe, Ng’ umu co w’Imana wake muri twe, Tugendere mu nzira yiwe. |