Indirimbo ya 74 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Mfis’ Umukiz’ amvugira mw ijuru


1.Mfis’ Umukiz’ amvugira mw ijuru,
N’ Umukunzi mwiz’ arut’ abo mw’isi,
anzigama neza kand’ ambungabunga,
Icomp’ uwo Mukiz’ akab’ uwawe.
Gusubiramo:
Ni wewe nsengera, ni wewe nsengera,
Mugcnzi, ndakwifuriz’ agakiza.
2.Mfise na Data wa twese mw ijuru,
Yanshoboje kwizigir’ ibizoba.
Azohav’ andengukisha mw ijuru iwe,
Icompa nawe tukazojanayo.
3.Mfisey’ imvune nziz’ ikayangana
Nabikiwe mu bgiza bgo mw ijuru,
Iyo mvune yer’ aho nzoyambarira
Icompa naw’ ukazoyironkayo.
4.Mfis’ amahoro ameze nk’ uruzi,
N’ amahor’ a tazwi n’abantu b’isi,
Umukiza wanje ni we soko yayo,
Mugenz’ icomp’ ukayaronka nawe.
5.Ubonye Yes’ amaze kugukiza,
Ntiwigungan’ ivyo yagukoreye,
Babgire k’Umukiza wanj’ ar’ uwawe,
Basengere nk’uko nagusengeye.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 74 mu Guhimbaza kirundi