Indirimbo ya 75 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Yesu n’ Umukunzi wacu
1. | Yesu n’ Umukunzi wacu, Ni w’ atwikorerera Imibabaro n’ ivyaha, Akatubabarira. Umunt’ adasenga wese Ntiyoronk’ amahoro, Tweho tuje kuri Yesu, Tumubarire vyose. |
2. | Umunt’ adasenga wese Yaman’ ivyaha vyiwe, Ngwino, ngwino kuri Yesu Akuruhure vuba. Yes’ aradukunda twese, Yes’ afis’ imbabazi, Yapfiriy’ abantu bose, Mumusenge n’ Umwami. |
3. | Ivyaha n’ ubgoba bgose N’ imitim’ ibabaye Tubijane. kuri Yesu, Araduh’ amahoro. Ntitugir’ umutabazi Adukunda nka Yesu, Ariko Yesu wenyene N’ umukunzi w’ abantu. |