Indirimbo ya 78 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Kera har’ umubivyi yasohoy’ imbuto
1. | Kera har’ umubivyi yasohoy’ imbuto Zimwe zigwa ku nzira, zinobga n’inyoni, Izindi ku rutare, zumishwa n’izuba, Kuko zari zibuze ahantu habomvye. |
2. | Mu mahwa hagw’ izindi, zikurana na yo, Ac’ azinyoha zose, nia co zamye na mba. Arikw izindi zigwa mw i vu ryiza cane, Zimeze zirakura zam’ imbuto nyinshi. |
3. | Har’ uwundi Mubivyi, n’Unnikiza Yesu, Jjambo ry’agakiza ni ryo mbut abiba, Kand’ imitima yacu ni yo mbibe yiwe, Ari mib’ari myiza, amija mw’ imbuto |
4. | Kand’ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe Bitonyang’amaraso arikw arabiba, Jmvura ni y’ imeza imbuto z’i>i si, Amaras’ akameza izo mu mitima. |
5. | Mugenzi, har’ibiki mu mutima wawe? Harimw’ inzira nyinshi? harimw’urutare? Canke n’imbibe nziza, mbeea harinjiye? Wamamw’imbuto nziza, cank’ umez’ ama hwa? |
6. | Hazob’ umusi Yesu azoz^ kwinibura, Azozan’urutaro mu kuboko kwiwe. Azimburir’ ingano mu kigega ciwe, Umuguruka na wo azowuturira. |
7. | Mugenz’ uzoja hehe? Ni wiyumvire se Uzoja mu kigega, canke mu muriro? Ni wihan’ uyu musi, ejo ntihahera Uyu n’ umusi mvviza wo gukirizwako |