Indirimbo ya 78 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Kera har’ umubivyi yasohoy’ imbuto


1.Kera har’ umubivyi yasohoy’ imbuto
Zimwe zigwa ku nzira, zinobga n’inyoni,
Izindi ku rutare, zumishwa n’izuba,
Kuko zari zibuze ahantu habomvye.
2.Mu mahwa hagw’ izindi, zikurana na yo,
Ac’ azinyoha zose, nia co zamye na mba.
Arikw izindi zigwa mw i vu ryiza cane,
Zimeze zirakura zam’ imbuto nyinshi.
3.Har’ uwundi Mubivyi, n’Unnikiza Yesu,
Jjambo ry’agakiza ni ryo mbut abiba,
Kand’ imitima yacu ni yo mbibe yiwe,
Ari mib’ari myiza, amija mw’ imbuto
4.Kand’ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe
Bitonyang’amaraso arikw arabiba,
Jmvura ni y’ imeza imbuto z’i>i si,
Amaras’ akameza izo mu mitima.
5.Mugenzi, har’ibiki mu mutima wawe?
Harimw’ inzira nyinshi? harimw’urutare?
Canke n’imbibe nziza, mbeea harinjiye?
Wamamw’imbuto nziza, cank’ umez’ ama hwa?
6.Hazob’ umusi Yesu azoz^ kwinibura,
Azozan’urutaro mu kuboko kwiwe.
Azimburir’ ingano mu kigega ciwe,
Umuguruka na wo azowuturira.
7.Mugenz’ uzoja hehe? Ni wiyumvire se
Uzoja mu kigega, canke mu muriro?
Ni wihan’ uyu musi, ejo ntihahera
Uyu n’ umusi mvviza wo gukirizwako



Uri kuririmba: Indirimbo ya 78 mu Guhimbaza kirundi