Indirimbo ya 79 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Uhor’ undinganirije


1.Uhor’ undinganirije
Amajamb’ atunganye,
Umpubure mmeny’ ukuri
Kw amajambo yawe.
Nkund’ amajambo yawe
Kw ampa kukwizigira.
Gusubiramo:
Amajambo meza cane
Yo kunter’ umunezero,
Ni yo meza, ndayakunda,
Nta h’ atannezera.
2.Umwami Yes’ arineze,
Ni w’ atang’ amajambo,
Munyavyaha, ngo renguka,
Wumv’ ivy’ ubugingo:
Atugirir’ ubuntu,
Akatwiyegereza.
3.Menyesha bos’ ubutumwa
N’amajamb’atunganye.
Ni muz’ arabaharira,
Mwakir’ ubugingo.
Yesu ni we Mukiza,
Ni w’ atang’ubugingo.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 79 mu Guhimbaza kirundi