Indirimbo ya 8 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Kw izina rya Yesu
1. | Kw izina rya Yesu Ni dupfukame, Ngo twemere Yesu Yukw ar’ Uhoraho, Ngo biter’ Imana Icubahiro, Kuko Yes’ ari we Jambo w’Imana. |
2. | Uwo Jambo ni we Yaremy’ iyi si, N’ umuco n’ umwiza, N’ izuba n’ ukwezi, N’ inyenyeri na zo, N’ ibiguruka, N’ umuntu mw ishusho Y’ Imana yacu. |
3. | Yaciye bugufi Acik’ umuntu, Maz’abanyavyaha Baca baramwica, nah’ afis’ izina Ry’ icubahiro, Hanyum’ arazuka, Atsinz’ urupfu. |
4. | Bene Data, vuga Izina ryiwe Muciye bugufi, Kw ar’ Imana nkuru, N’ Umukiza wacu, Krist’ ahoraho, N’ izina riruta Ayandi yose. |
5. | Mu mitima yanyu Ni mumwimike. Rek’ anesh’ atsinde Ivy’ amasatani, Ni w’ afis’ inganji. Ni w’ azonesha Wa mwansi Satani, Ni yabatera. |
6. | Bene Data, Yesu Azogaruka Mu bgiza bg’Imana N’ ubg’ ingabo zayo Azotsind’ abansi Bose bo mw isi, Kukw ari we Mwami Aganz’ abami. |