Indirimbo ya 8 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Kw izina rya Yesu


1.Kw izina rya Yesu
Ni dupfukame,
Ngo twemere Yesu
Yukw ar’ Uhoraho,
Ngo biter’ Imana
Icubahiro,
Kuko Yes’ ari we
Jambo w’Imana.
2.Uwo Jambo ni we
Yaremy’ iyi si,
N’ umuco n’ umwiza,
N’ izuba n’ ukwezi,
N’ inyenyeri na zo,
N’ ibiguruka,
N’ umuntu mw ishusho
Y’ Imana yacu.
3.Yaciye bugufi
Acik’ umuntu,
Maz’abanyavyaha
Baca baramwica,
nah’ afis’ izina
Ry’ icubahiro,
Hanyum’ arazuka,
Atsinz’ urupfu.
4.Bene Data, vuga
Izina ryiwe
Muciye bugufi,
Kw ar’ Imana nkuru,
N’ Umukiza wacu,
Krist’ ahoraho,
N’ izina riruta
Ayandi yose.
5.Mu mitima yanyu
Ni mumwimike.
Rek’ anesh’ atsinde
Ivy’ amasatani,
Ni w’ afis’ inganji.
Ni w’ azonesha
Wa mwansi Satani,
Ni yabatera.
6.Bene Data, Yesu
Azogaruka
Mu bgiza bg’Imana
N’ ubg’ ingabo zayo
Azotsind’ abansi
Bose bo mw isi,
Kukw ari we Mwami
Aganz’ abami.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 8 mu Guhimbaza kirundi