Indirimbo ya 81 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ni muvuz’ impundu bamarayika


1.Ni muvuz’ impundu bamarayika,
Kuk’ umunyavyaha yihanye!
Eh’ ingen’ Iman’ imusanganiye,
Wa mwana wayo w’ icangazi
Gusubiramo:
Kaza, kaza ! ni kw imubgira;
Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika
bararirimba,
Banezererw’ uwo yihamye.
2.Ni muvuz’ impundu bamarayika,
Kuk’ uyu yuzuye n’ Imana;
Uyu munt’ akiz’ ingero y’ivyah a,
Akab’ avuts’ ubga kabiri.
3.Ni muvuz’ impundu bamarayika,
Vuz’ inanga zanyu, ririmba!
Kwiz’ iyo nkuru nziza, yandagare,
Yuk’ umunyavyah’ akijijwe.
4.Ni muvuz’impundu bamarayika,
Zumvikane no mur’ iyi si:
Icaremwe gish’ iyo kibonetse
Vyose birahinduka bisha
Gusubiramo:
INCUNGU



Uri kuririmba: Indirimbo ya 81 mu Guhimbaza kirundi