Indirimbo ya 82 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Ewe Mukiza wanje, wakubisw’inguma.
1. | Ewe Mukiza wanje, wakubisw’inguma. Mukama wambitswe n’ igitsiboc’amahwa. Mukama wababajwe, non’ushimwe cane. Wambabariye rwose, Mukama n’ ushimwe. |
2. | Yesu, wababariy’ ivyaha vyanje vyose, Wampaniw’ ari jewe nari nacumuye, Car’ igihano canje, urakimpanirwa, Mukama, wantabaye ngo ndonk’ imbabazi. |
3. | Mukama, ndagushima n’ umutima wose, Wampfiriye ku giti, wankijij’ivyaha; Undemeshe nizere ngo ngukurikire, Kandi n’ aho nzopfira, mpfire muri wewe. |
4. | Aho nzovira mw isi ntundeke jenyene, Urupfu ni rwantsinda uz’ummar’ubgoba. Nah’ umubiri wanj’uzobora ngashira, Ndazi ko nzokwibonera n’ amaso yanje. |
5. | Kur’ uwo musi Yes‘uz’ uwundemesheko, Ngo mbon’ inyonga zawe nk’ ah’uri ku giti; Kubg’ ic’ umpe kunesha nk’ uko wanesheje: Hahirw’ uzopf arengukijwe nawe Mwami. |