Indirimbo ya 91 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Gitandara c’ Imana
1. | Gitandara c’ Imana, Reka nguhungireko, Kubg’ imbabazi zawe Kera warammenewe; Non’ ubu nkwihishemwo Ukuraka kw Imana. |
2. | Amazi n’amaraso Vyo mu rubavu rwawe Binkiz’ uburyo bgompi Urubanza rw’ ivyaha N’ ubushobozi bgavyo, Vyoye kuntsind’ ukundi. |
3. | Ivyo twokora vyose, N’ umwete wacu wose, N’ umubabaro mwinshi, N’ amosoz’ adashira, Vyose ntivyoshobora Kudukurakw ivyaha. |
4. | Ivyanje ntibigira Ico bimaze Yesu, Simfis’ ico noguha, Ndaba ku musaraba Wawe wampfiriyeko, Ni wo nizeye gusa. |
5. | Raba ndagenda gusa, Ndakwinginz’ unyambike; Sinshobora kwikiza, Ndakugombak’ ubuntu; Unyuhagir’ imvyiro Mukiza, noye gupfa. |
6. | Nuko nkiriho mw is i, Mwami, nguhungireko; No ku musi w’ imanza, Nshitse mu nyonga zawe, Gitandara c’ Imana Uz’ undeke nkwisunge |