Indirimbo ya 96 mu GUHIMBAZA KIRUNDI
Imana yacu yatunze vyose
1. | Imana yacu yatunze vyose, Itunga ryo kw isi n’iryayo ryose, Nta kintu co ngaha kitar’ icayo, Nta wobuharur’ ubutunzi bg’Imana. |
Gusubiramo: | |
Nd’ umwana w’Umwami, Nd’ umwana wiwe, Twebge twe na Kristo Tur’ abana biwe. | |
2. | Umwana w’Iman’ Umutabazi Yaje ngaha kw’isi nk’umworo rwose, Ariko yara subiye mw ijuru. Nanj’ azohav’ anjana kump’ inzu nziza. |
3. | Kera na kera nar’ icangazi, Nar’ umunyavyaha, nar’ umwononyi, Ubu ho naravuts’ ubga kabiri, Nd’ umwana w’Imana, Umwami w’abami. |
4. | Jeho naho noba mu karuri Sinobabara, ndi n’inzu mw ijuru, Nah’ ab’ isi bonca bakanyomora, Nzonezerwa kuko nd‘ umwana w’Umwami. |